NIWIJUKIRE IGIKORWA CO MU NDIMIRO | NUKORE IVYOTUMA WONGEREZA UMUNEZERO MU BUSUKU
Niwigishe abatohoji ba Bibiliya kwigaburira mu vy’impwemu
Kugira abatohoji ba Bibiliya bamenye Yehova bongere babe abakirisu bahumuye, bategerezwa kwiga n’ibindi uretse ivyo tubigisha. (Mt 5:3; Heb 5:12–6:2) Bategerezwa kumenya ukuntu bokwigaburira mu vy’impwemu.
Kuva mugitangura kwiga, niwereke umutohoji ingene yotegura ivyo muzokwiga, kandi umuhimirize kwama abigira. (mwb18.03 6) Numuremeshe gusenga imbere yo gutangura kwiga. Numwereke ingene yoshikira ibikoresho vyacu vy’ubushakashatsi vyo mu buhinga bwa none wongere umwigishe ingene yobikoresha. Numwereke ingene yobona amakuru mashasha yashizwe kuri jw.org no kuri Televiziyo ya JW. Nugende uramwigisha gusoma Bibiliya ku musi ku musi, gutegura amakoraniro y’ishengero, n’ukuntu yogira ubushakashatsi kugira aronke inyishu z’ibibazo yoba afise. Numwigishe kuzirikana ku vyo yiga.
NIMURABE IVIDEWO IVUGA NGO NUFASHE ABO WIGISHA BIBILIYA KWIGABURIRA MU VY’IMPWEMU, MUCE MWISHURA IBIBAZO BIKURIKIRA:
-
Neeta yafashije gute Jade kubona ko kwiga atari ukumenya inyishu gusa?
-
Ni igiki cafashije Jade kujijuka ko Yehova afise imvo zumvikana zo kubuza ubusambanyi?
-
Ni igiki Jade yatahuye ku bijanye no kuzirikana?