Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Nuhitemwo neza abagenzi

Nuhitemwo neza abagenzi

Ivyashikiye Abisirayeli mu biyaya vya Mowabu biratuburira twebwe abakirisu. (1Kr 10:6, 8, 11) Abisirayeli batanguye kwifatanya n’Abanyamowabukazi b’abasambanyi kandi basenga ibigirwamana bahavuye boshwa gukora ibicumuro bikomeye. Ivyo rero vyarakweze akarambaraye. (Gh 25:9) Dukikujwe n’abo dukorana, abo twigana, ababanyi, incuti be n’abandi tuzinanye badasenga Yehova. None iyo nkuru yo muri Bibiliya itwigisha iki ku bijanye n’akaga kari mu gucudika na bo?

NIMURABE IVIDEWO IVUGA NGO UTURORERO TWO KUTUBURIRA MURI IKI GIHE​—AGACE, MUCE MWISHURA IBIBAZO BIKURIKIRA:

  • Ni ivyiyumviro bitari vyo ibihe Zimuri be n’abandi babwiye Yamini?

  • Finehasi yafashije gute Yamini kubona ibintu mu buryo bwiza?

  • Kugaragariza umutima mwiza uwutizera be no kumubera umugenzi bitandukaniye he?

  • Kubera iki dukwiye kwiyubara igihe duhitamwo abagenzi somambike mbere no mw’ishengero?

  • Kubera iki dukwiye kwirinda imigwi yo ku mbuga-hwaniro irimwo abantu tutazi?