UBUZIMA BW’UMUKIRISU
Ntiwigane abahemu
Kora, Datani na Abiramu barahemukiye Yehova mu kugarariza intunganyo yiwe. Yehova yaratikije abo bagarariji hamwe n’uwo wese yabashigikiye. (Gh 16:26, 27, 31-33) Ni ibintu ibihe vyoshobora gutuma duhemukira Yehova? Ni uburorero ubuhe bwo muri Bibiliya buzodufasha kwirinda abahemu?
NIMURABE IVIDEWO IVUGA NGO NTIWIGANE ABAHEMU, MUCE MWISHURA IBIBAZO BIKURIKIRA:
-
Ni igiki cagerageje Nadia, kandi ni akarorero ko kutuburira akahe kamufashije kuguma ari intahemuka?
-
Umuvukanyi yari ababajwe n’ivyabaye ni ikigeragezo ikihe yaguyemwo, kandi ni akarorero ko kutuburira akahe kamufashije kuguma ari intahemuka?
-
Ni ingorane iyihe Terrance yari afise, kandi ni akarorero ko kutuburira akahe kamufashije kuguma ari intahemuka?
-
Ni igiki cagerageje umuvukanyi umwe kw’ishure, kandi ni akarorero ko kutuburira akahe kamufashije kuguma ari intahemuka?