UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA
‘Urugamba ni urwa Yehova’
Ukwizera kwa Dawidi kwari gushingiye ku vyo yari azi no ku vyo yari yariboneye (1Sm 17:36, 37; wp16.5 11 ing. 2-3)
Dawidi ntiyigereranije na Goliyati, ahubwo yagereranije Goliyati na Yehova (1Sm 17:45-47; wp16.5 11-12)
Yehova yarafashije Dawidi gutsinda umwansi akomeye kandi ateye ubwoba (1Sm 17:48-50; wp16.5 12 ing. 4; raba ishusho iri ku gipfukisho)
Vyoshika tugahangana n’ingorane zikomeye, nk’uruhamo canke ingeso mbi. Igihe ingorane ziboneka nk’aho zikomeye, twibuke ko zidakomeye ugereranije n’ububasha butagira urugero bwa Yehova.—Yb 42:1, 2.