Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ingene twotanguza ibiyago

Ingene twotanguza ibiyago

UMUNARA W’INDERETSI

Ikibazo: Hari abiyumvira ko Bibiliya yataye igihe, abandi bakiyumvira ko igifise agaciro. Wewe uvyibazako iki?

Icanditswe: 2Tm 3:16, 17

Ivyo wovuga: Uwu Munara w’Inderetsi uratanga uburorero bwerekana ko Bibiliya ari ngirakamaro, hamwe n’ivyiyumviro vyogufasha kwungukira cane ku gusoma Bibiliya.

NIWIGISHE UKURI

Ikibazo: Umuhero w’isi woba uri hafi?

Icanditswe: Mt 24:3, 7, 14

Iciyumviro: Ivyo Bibiliya yari yaravuze birerekana ko tugeze mu gihe c’iherezo. Ariko iyo ni inkuru nziza kuko bisobanura ko ibihe vyiza vyimirije.

VYOBA VYARAREMWE?

Ikibazo: Ku bwawe, ubuzima bwaremwe n’Imana canke bwariyadukije?

Ivyo wovuga: Aka gatabu karatanga ibimenyamenya vyatumye benshi bemera ko hariho Umuremyi. Noshima kuzogaruka tukaganira ku kibazo kiri ku rupapuro rwa 29 kibaza ngo: “Ivyo wemera vyoba hari ico bitwaye?

ANDIKA HANO UBURYO BWAWE

Ufatiye ku burorero bwatanzwe, niwitegurire uburyo bwawe bwo gutanguza ibiyago.