Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

“Ewe Yehova, . . . ni wewe nizigiye”

“Ewe Yehova, . . . ni wewe nizigiye”

Birahambaye ko twizigira Yehova mu bihe vyiza no mu bihe bibi. (Zb 25:1, 2) Mu kinjana c’umunani imbere ya Kristu, abantu bo muri Yuda barahanganye n’ingorane yagejeje ukwizera kwabo. Ivyabashikiye biratwigisha vyinshi. (Rm 15:4) Umaze kuraba ividewo ivuga ngo “Ewe Yehova, . . . ni wewe nizigiye,” wokwishura gute utu tubazo?

  1. Ni ingorane iyihe yari ihanze Hezekiya?

  2. Ibivugwa mu Migani 22:3 vyafashije gute Hezekiya kwitegurira abansi bashobora kubasugereza?

  3. Kubera iki Hezekiya yanse kwishikana ku Bashuri canke kugiranira amasezerano na Misiri?

  4. Hezekiya yasigiye akarorero akahe abakirisu?

  5. Muri iki gihe ni ibiki bigeza ukwizera kwacu?

Ni mu biringo ibihe worushiriza kwizigira Yehova? Vyandike.