UBUZIMA BW’UMUKIRISU
Woba uzokora ubutsimvyi bwo gufasha muri Ntwarante canke Ndamukiza?
Woba wipfuza gukora vyinshi mu murimo wa Yehova mu kiringo c’Icibutso? (2Kr 5:14, 15) Muri Ntwarante na Ndamukiza, abatsimvyi bafasha boshobora guhitamwo gukora amasaha 50 canke 30. Nimba ushoboye kugira uruhara muri ico gikorwa kidasanzwe, niwuzuze urupapuro rwo kubisaba, uruhe komite y’umurimo y’ishengero. Buri kwezi, ishengero rizotangarizwa amazina y’abemerewe gukora ubutsimvyi bwo gufasha. Ivyo bizotuma ishengero rishigikira abatsimvyi mu gikorwa co kwamamaza. Ese twese twokwungukira kuri ako karyo ko kuryohora ubuhanga bwacu mu ndimiro no kuremeshanya mu kiringo c’Icibutso.—1Ts 5:11.