Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ururirimbo 110

Ibikorwa bitangaje vy’Imana

Ibikorwa bitangaje vy’Imana

(Zaburi 139)

1. Mana, unz’ivyuka n’iryama,

Nicaye cank’iyo mpagurutse.

Urases’ivyo niyumvira vyose,

Ivyo mvuga n’uko

ngend’urabizi pe.

Warambonye nkorwa mw’ibanga,

Ntiwahishijw’amagufa yanje.

Ibingize vyose vyari vyanditswe.

Ndashemez’inzira zawe

zitangaje.

Ubumenyi bwawe butey’akoba;

Ico kintu je ndakizi neza.

Nah’umwiza womir’ukantwikira,

Impwemu yawe yonahansanga.

Nokwihisha he ga Yehova?

Ni he nokwiking’amaso yawe?

Si hejuru, canke epfo mu cobo;

Si mu mwiza, si mu mazi, nta hariho.