Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ururirimbo 126

Igikorwa twakoze kiranga urukundo

Igikorwa twakoze kiranga urukundo

(Zaburi 127:1)

1. Yehov’umusi n’uyu;

Dushaka kuguseng’ubu.

Wadutey’iteka ntangere

Twe bantu buntu!

We warahezagiye

Umwete twahagiriye.

Non’inzu yuzuye bivuye

Ku bunt’ugira.

(ICITABIRIZO)

Yehova, kari agateka

Kukwubakir’aha hantu.

Ese twokwama mu gikorwa cawe, Mana,

Tugushemeza mu bantu.

2. Niwirabire nawe!

Abawe turahimbawe!

Ni vyo tuzoguma twibuka

Nantaryo, Dawe!

Twakoranye mu bumwe

Bivuye ku mpwemu yawe.

Man’ivyiz’utanga biranga

Ko turi kumwe!

(ICITABIRIZO)

Yehova, kari agateka

Kukwubakir’aha hantu.

Ese twokwama mu gikorwa cawe, Mana,

Tugushemeza mu bantu.