Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ururirimbo 134

Niwibone vyose vyabaye bishasha

Niwibone vyose vyabaye bishasha

(Ivyahishuwe 21:1-5)

1. Niwibone, nanj’umbone,

Mw’isi nshasha y’akaroruhore.

Uzokwumva biri gute

Wibera mu mahor’ashitse?

Nta mubisha azohaba;

Hazoganz’Imana Segaba.

Ubuzima buzoba bwiza, ncuti.

Tuzoca twikora Mu gahogo duti:

(ICITABIRIZO)

“Yehov’ukoze ibishimisha!

Yez’aganje vyose biba bisha.

Mu mutima harasesekay’urweze, Dawe.

Ubwiza n’iteka vyo ni rwawe.”

2. Ibon’ubu, nanj’umbone;

Rab’isi nsha ir’imbere yawe.

Nta co wumva, nta c’ubona

Cogutera kugir’ubwoba.

Nk’uko yari yaravuze,

Ihema ryayo ryadupfutse

Igir’ikangure abari mu mva;

Bazoza turirimbe Twivuy’inyuma:

(ICITABIRIZO)

“Yehov’ukoze ibishimisha!

Yez’aganje vyose biba bisha.

Mu mutima harasesekay’urweze, Dawe.

Ubwiza n’iteka vyo ni rwawe.”