Ururirimbo 92
‘Niwigishe rya jambo’
1. Iman’iradutegeka
Kuyumvira nk’ukw’ibitwereka.
Wame rero witeguriye
Gutang’imvo y’ivyo wizigiye.
(ICITABIRIZO)
Niwigishe
Rya jambo bategere.
Ryigishe,
Iyi s’igir’ihere.
Ryigishe,
Uwitond’atahure.
Ryigishe;
Hose bumve.
2. Tuzohura n’ingorane.
Naho boturwanya twihangane.
Twigishe mu gihe kigoye
Twiheke ku Mana yadutoye.
(ICITABIRIZO)
Niwigishe
Rya jambo bategere.
Ryigishe,
Iyi s’igir’ihere.
Ryigishe,
Uwitond’atahure.
Ryigishe;
Hose bumve.
3. Turitez’ibihe vyiza.
Twigishe barya bari mu mwiza,
Tuberek’ingene bokira,
Yehova twame tumuvugira.
(ICITABIRIZO)
Niwigishe
Rya jambo bategere.
Ryigishe,
Iyi s’igir’ihere.
Ryigishe,
Uwitond’atahure.
Ryigishe;
Hose bumve.
(Raba kandi Mat. 10:7; 24:14; Ivyak. 10:42; 1 Pet. 3:15.)