Ururirimbo 96
Turondere ababereye
1. Umukama yaratwerets’uburyo
Bwo kwigisha bubereye:
‘Aho mugenda hose murondere
Abazi ko babikeneye.’
Mwipfuriz’amahor’abo mu rugo,
Abakwiriye bayakire.
Batabakiriye mwikunkumure
Ku birenge vyanyu, mwigire.
2. Ababakiriye bakumviriza
Ni we baba bakiriye.
Boshobora kuza mukifatanya
Narirya igihe kigiye.
Ntitwiganyire ku vyo tuzovuga,
Kuko Yehov’azodufasha.
Imvugo nziza kand’irunz’umunyu
Izobakwega n’ububasha.
(Raba kandi Ivyak. 13:48; 16:14; Kol. 4:6.)