Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

«Ntibizocerwa!» (Ururirimbo rwo kw’ihwaniro ryo mu 2023)

«Ntibizocerwa!» (Ururirimbo rwo kw’ihwaniro ryo mu 2023)

(Habakuki 2:3)

Voma:

  1. 1. Isi yuzuye ubwiza ntangere​—

    Mu kuyirema warayitondeye.

    We ntuhinduka, turavyizera.

    Vuba ugiye kuzoyityorora.

    (ICITABIRIZO)

    Mana dushashaye kw’iparadiz’iza.

    Nuduh’ukwihangana.

    Tuzi tudakeka yuko bizoshika.

    Naho vyofat’igihe,

    «Ntibizocerwa!»

  2. 2. Turindiriye abo twabuze.

    Urashashaye kuzobagarura.

    Dawe, turazi k’ubikundira.

    Duhe kwigana uko wihanganye.

    (ICITABIRIZO)

    Mana dushashaye kw’iparadiz’iza.

    Nuduh’ukwihangana.

    Tuzi tudakeka yuko bizoshika.

    Naho vyofat’igihe,

    «Ntibizocerwa!»

  3. 3. Urarondera inziraburyarya,

    Bakizigira kuronk’ubuzima.

    Turakorana mu kubigisha,

    Bikatugira abagenzi bawe.

    (ICITABIRIZO)

    Mana dushashaye kw’iparadiz’iza.

    Nuduh’ukwihangana.

    Tuzi tudakeka yuko bizoshika.

    Naho vyofat’igihe,

    «Ntibizocerwa!»

    Nuduh’ukwihangana!

(Raba kandi Kol. 1:11.)