Nujijuke
Voma:
1. Wagumy’usenga,
Ukamamaza.
Wagumy’uri intahemuka.
Naho tutaz’ikiguhanze cose
Yehova w’abibona vyose.
(INTEGUZA)
Naho worengutswa muri Sentare,
Nturi wenyene.
Ushikamye duca turema,
Naw’agashima.
(ICITABIRIZO)
‘Narajijutse
Kw’ata codutandukanya n’urukundo rwa Yehova.’
Zaba n’intwaro,
Urupfu cank’ibizoza, nta co bizoshikako.
Rero jijuka
Kw’Iman’igukunda.
2. Warumiyeko.
Ntiwadohotse.
Wizigiy’Imana muri vyose.
Naho wew’uburabuzwa n’abansi,
Abo muri kumwe ni benshi.
(INTEGUZA)
Naho worengutswa muri Sentare,
Nturi wenyene.
Ushikamye duca turema,
Naw’agashima.
(ICITABIRIZO)
‘Narajijutse
Kw’ata codutandukanya n’urukundo rwa Yehova.’
Zaba n’intwaro,
Urupfu cank’ibizoza, nta co bizoshikako.
Rero jijuka
Kw’Iman’igukunda.
Urakundwa.
(IKIRARO)
Vyanditse ngo: ‘Uw’ukund’uramwihebera.’
Kunda Yehova.
Na we ntazobura gutum’utahukan’intsinzi.
Oh, uzotsinda.