Nuninahaze Yehova
Voma:
1. Ni nd’ameze nka we, Mana
Wewe uri mw’ijuru?
N’igiki je nokwishura
Ku bw’urukund’unyereka?
Ndavy’ikirere waremye
Nca ndakuninahaza.
None je ndi nde Yehova,
Ku bury’ungirir’ubuntu?
(ICITABIRIZO)
Yehova we, umv’iyi ndirimbo.
N’iyo kugushemeza.
Uri Dawe, n’Umwami yamaho.
Reka nkuninahaze
Kuk’urabikwiriye.
2. Ngutuy’ubuzima bwanje,
Ngo ndakuninahaze.
Nzotangaz’ubwiza bwawe
N’inzira zawe Muvyeyi.
Kugukorera Yehova
N’agateka ntangere.
Ni wewe nkomezi zanje.
Nunyobor’ibihe vyose.
(ICITABIRIZO)
Yehova we, umv’iyi ndirimbo.
N’iyo kugushemeza.
Uri Dawe, n’Umwami yamaho.
Reka nkuninahaze
Kuk’urabikwiriye.
3. Ndatangar’iyo nihweje
Ukwezi n’inyenyeri.
Biranter’umunezero
Nkabon’urukundo rwawe.
Icubahiro ni rwawe
Be n’ubukerebutsi.
Ni nd’atokuninahaza
We waremy’ibintu vyose?
(ICITABIRIZO)
Yehova we, umv’iyi ndirimbo.
N’iyo kugushemeza.
Uri Dawe, n’Umwami yamaho.
Reka nkuninahaze
Kuk’urabikwiriye.
(Raba kandi Zab. 96:1-10; 148:3, 7.)