Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Tube abanyamahoro naho bitoroshe

Tube abanyamahoro naho bitoroshe

Voma:

  1. 1. Igihe ndi mu nzira ndahura n’abantu bashavuye.

    Benshi barahura n’ingorane zitesh’umutwe.

    Nca nibuka kw’Iman’isaba kubihanganira.

    Kand’iyo nsenze nca niyumv’amahoro nkitekanira.

    (ICITABIRIZO)

    Ubu kuba abanyamahoro ntivyoroshe namba.

    Ariko twe tubay’abanyamahoro tuzibera mw’isi nshasha.

  2. 2. Nshitse ku kazi, abo dukoran’usanga batoroshe.

    Nca nihata kugira dukorane mu mahoro.

    Ndibuka ko bavuye muhira bifitiy’ingorane,

    Bakaba bakeney’uwubatahur’akabihanganira.

    (ICITABIRIZO)

    Ubu kuba abanyamahoro ntivyoroshe namba.

    Ariko twe tubay’abanyamahoro, tuzibera mw’isi nshasha.

    (IKIRARO)

    Ntivyama bitworohera

    Kwigenza neza mw’iyi si.

    Arik’Imana y’amahoro

    Izotuma dutekana.

  3. 3. Turagend’inzu ku nzu tukabwir’abant’inkuru nziza.

    Yamara har’abadukarira kubera ko bibashavuza.

    Kubera yukw’Iman’idusaba kuzigam’amahoro,

    Duca twigumya kugira dutandukane amahoro.