Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Dukunde kwakirana

Dukunde kwakirana

Voma:

  1. 1.  Kwab’ugusangir’akantu gato

    Canke gusangir’ikiyago,

    Tubikesha Yehova we yabiduhaye.

    Tubizirikane​—

    (ICITABIRIZO)

    Nimuze dukunde kwakirana.

    Nitwigan’Imana.

    Tubigire ata gucagura.

    Ni kwo gukundana.

  2. 2.  Umuvyeyi wacu yaraduhay’uburaro.

    Natwe dukwiye kwama dutang’indaro.

    Erega gutanga bizan’umunezero.

    Ni rwo rukundo.

    (ICITABIRIZO)

    Nimuze dukunde kwakirana.

    Nitwigan’Imana.

    Tubigire ata gucagura.

    Ni kwo gukundana.

    (IKIRARO)

    Har’abari mu mukeno,

    Ntitube maboko.

    Har’abahura n’ivyago,

    Tubaserukeko.

    Ingo tubafashe mu kubakira mu ngo,

    Tubarwaneko.

    (ICITABIRIZO)

    Nimuze dukunde kwakirana.

    Nitwigan’Imana.

    Tubigire ata gucagura.

    Ni kwo gukundana.

    Ni kwo gukundana.

    Ni kwo gukundana.