Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Gira umutima rugabo kandi ukomere

Gira umutima rugabo kandi ukomere

Voma:

  1. 1. Butaraca,

    Aravyuka

    Agac’asengera

    Abana biwe

    N’abavandimwe

    Ati “Daw’udufashe.”

    N’iyo yaburaniwe,

    Ntat’icizigiro ciwe,

    Yaman’umunezero.

    Mbere yiririmbira ngo:

    (ICITABIRIZO)

    ‘Nzogukomeza.

    Ntugir’ubwoba.

    Sinzoguheba.

    Nzama ngufasha.’

    Aka karirimbo.

    Kama ku mutima.

    Ngw’“Izogukomeza,

    Uhez’ushikame.”

    (IKIRARO)

    Ntarer’amaboko,

    Arirwanako,

    Naho ar’urugamba.

    Arironkera

    Abamuremesha,

    Bigatum’adahesha.

  2. 2. No mu vyago

    Agumako.

    N’intwari vy’ukuri

    Akora vyinshi

    Ata kwiziganya.

    Yama yitura Rurema.

    Nah’aba yasanzaye,

    Arakor’ukw’ashoboye.

    Aguma akomezwa rero

    N’aka karirimbo:

    (ICITABIRIZO)

    ‘Nzogukomeza.

    Ntugir’ubwoba.

    Sinzoguheba.

    Nzama ngufasha.’

    Aka karirimbo

    Kama ku mutima.

    Ngw’“Izogukomeza,

    Uhez’ushikame.”

    Ngw’“Izogukomeza,

    Uhez’ushikame.”