Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Niwigire kw’ikosa wakoze

Niwigire kw’ikosa wakoze

Voma:

  • Amanota y’umuziki

  1. 1. Kw’is’iyiv’ikagera,

    Ntuzigera wumva

    Uwuvuga ngo:

    «Je sindigera ntsitara.»

    Ko vyagushikiye,

    Nugire ic’ukoze,

    Wigire ku vyabaye,

    Ureke na Yehov’agufashe.

    (ICITABIRIZO)

    Niwagw’uzuvyuke

    Gusa wikosore.

    Nuvyuk’ushikame,

    Uc’uvyigirako.

    Musab’agufashe

    Kugir’uhaguruke.

    Nta gukeka namba,

    Uzoca ukomera,

    Wigiye kw’ikosa.

  2. 2. Akazuba karatse,

    Uzinduts’ubabaye.

    Ibiba vyarabaye,

    Nta c’ugihindura.

    Va muri kahise,

    Yehova agufashe.

    Bibiliy’irahari

    Ngo ikubere urumuri.

    (ICITABIRIZO)

    Niwagw’uzuvyuke

    Gusa wikosore.

    Nuvyuk’ushikame,

    Uc’uvyigirako.

    Musab’agufashe

    Kugir’uhaguruke.

    Nta gukeka namba,

    Uzoca ukomera.

    (IKIRARO)

    Wibuke kw’Imana ivuga

    Ngw’ivyabaye sig’inyuma.

    Urukundo rwayo rurut’imitima.

    Vyigireko.

    (ICITABIRIZO)

    Niwagw’uzuvyuke

    Gusa wikosore.

    Nuvyuk’ushikame,

    Uc’uvyigirako.

    Musab’agufashe

    Kugir’uhaguruke.

    Nta gukeka namba,

    Uzoca ukomera,

    Wigiye kw’ikosa.

    Wigire kw’ikosa.