Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ntitwiganyire ku vy’ejo

Ntitwiganyire ku vy’ejo

Voma:

  1. 1. Ndazi yukw’iparadizo igiye kuza,

    Kandi sinkeka namba ko ejo ari heza.

    Arikw’iyo ndemerewe,

    Nca numva nazazaniwe,

    Ngaca nigunga simbone yuko Yehov’ankunda.

    Ariko we ntampeba.

    (ICITABIRIZO)

    Nca ndamusenga nizeye.

    Iy’amagany’andengeye,

    Ni we ac’ankomeza.

    Ntazompeba, azomfasha.

    Ndafis’ijambo ryiwe

    N’abagenzi nyakuri.

    Nta mus’uburamwo amaganya.

    Rero ndirinda kwivuna.

    Ivy’ejo bibara ab’ejo.

    Ndih’amahoro,

    Siniganyire.

  2. 2. Reka ndagucir’agace,

    Mugenzi nkunda.

    Nurab’ivyiz’ufise,

    Hakurab’ingorane.

    Iman’iragukunda.

    Yaraguhay’Umukiza.

    Uragum’uyizigira.

    Ntizokwiger‘iguheba.

    Rem’irakubona.

    (ICITABIRIZO)

    Nusenge wizeye.

    Amagany’aturengeye,

    Ni y’ic’idukomeza.

    Ntizoduta, ntihemuka.

    Dufis’ijambo ryayo

    Be n’abagenzi nyabo.

    Nta mus’uburamwo amaganya.

    Niwirinde kwivuna,

    Ivy’ejo bibara ab’ejo.

    Wih’amahoro,

    Ntitwiganyire.

    (ICITABIRIZO)

    Nusenge wizeye.

    Amagany’aturengeye,

    Ni y’ic’idukomeza.

    Ntizoduta, ntihemuka.

    Dufis’ijambo ryayo

    Be n’abagenzi nyabo.

    Nta mus’uburamwo amaganya.

    Nitwirinde kwivuna,

    Ivy’ejo bibara ab’ejo.

    Twih’amahoro,

    Ntitwiganyire.

    Ntitwiganyire.