Nukoreshe inguvu ufise ku bwa Yehova
Voma:
1. Ukir’akana warihatira
Kuguma ukor’ivyiza—
Warishura, ukanamamaza
Ugasenga buri joro.
(INTEGUZA)
Uk’ugum’ukura, is’ishaka kugukwega.
Kuvug’inkuru nziza bitangura kub’urugamba.
Arik’uko ukura uc’ubwenge mu buzima,
Ntuzove kuri Yehova.
Ivyiza bir’imbere.
(ICITABIRIZO)
Uri n’agaciro kuri Yehova;
Azogufasha.
Ufise vy’insh’ukora, ukitanga.
Ukwizera kwawe;
Arakubona.
2. Ubu wakuze har’ivyahindutse,
Bizan’ibigeragezo.
Urengewe n’ibiguhanze—
Nusenge azokwishura.
(INTEGUZA)
Nub’inkerebutsi urondere kuyoborwa
Na Yehova, maze uhez’uhimbarwe
Arik’uko ukura uc’ubwenge mu buzima,
Ntuzove kuri Yehova.
Ivyiza bir’imbere.
(ICITABIRIZO)
Uri n’agaciro kuri Yehova;
Azogufasha.
Ufise vy’insh’ukora, ukitanga.
Ukwizera kwawe;
Arakubona.
(IKIRARO)
Nukoreshe inguv’ufise
Ku bwa Yehova, ntuzokwicuza namba.
(ICITABIRIZO)
Uri n’agaciro kuri Yehova;
Azogufasha.
Ufise vy’insh’ukora, ukitanga.
Ukwizera kwawe;
Arakubona.
(IKIRARO)
Nukoreshe inguv’ufise
Ku bwa Yehova, ntuzokwicuza namba.
Nukoreshe inguv’ufise
Ku bwa Yehova, ntuzokwicuza namba.