Ubuzima bwiza kuruta
Voma:
1. Nah’is’ituma ngir’irungu, ndafis’abagenzi.
Dufashe n’abandi kuronka abagenzi beza.
Nitwararits’ivyanje, oh, nta co bimarira.
Mfashije abandi, ndahimbarwa kuruta.
Ni co gituma
(ICITABIRIZO)
Nzokwitanga uko nshoboye, nitwararike abandi.
Nta kiryoshe kurut’ico.
Ndazi ko bizoduh’ubuzima. Ni vyo mpisemwo.
Ubu ni bwo buzima.
2. Nzokur’amaboko mu mpuzu, nkore ndabikunze.
Nzokwifashiriza mugenzi, dufatane mu nda.
Nitwararits’ivyanje oh, nta co bimarira.
Mfashije abandi, ndahimbarwa kuruta.
Ni co gituma
(ICITABIRIZO)
Nzokwitanga uko nshoboye, nitwararike abandi.
Nta kiryoshe kurut’ico .
Ndazi ko bizoduh’ubuzima. Ivyo s’indoto nsa.
Ubu ni bwo buzima.
(IKIRARO)
Sintinya ngo hazob’iki?
Ubuzima burushiriza kuryoha, kuryoha.
(ICITABIRIZO)
Nipfuza kwiheber’abandi, kuko bituma nezerwa.
Nta kiryoshe kurut’ico.
Ndazi ko bizoduh’ubuzima, ingo twifatanye.
Ubu ni bwo buzima.
Ubu ni bwo buzima.
Ubu ni bwo buzima.