Umuryango wa Yehova
Voma:
1. Mur’ino si ntivyoroshe namba—
Kuronka umugenzi azokugumako.
Naripfuj’abantu bomber’abagenzi
Gushika n’aho bamber’umuryango.
2. Narabaronse. Ubu ndazi ko
Ndi mu bantu ba Yehova, buzuy’urukundo.
Ubu nza naronk’ico naririye,
Narons’incuti mu muryango wa Yehova.
(IKIRARO)
Narironkeye bene wacu be n’abavyeyi,
Abasore n’inkumi be n’abakuze.
Tuva mu moko yose n‘ibihugu vyose.
Turahimbarwa ko turi umuryango.
3. Turakundana, turunz‘ubumwe.
N’agateka ntangere kumenya ko turi
Mu kivukano kiri kw’isi yose.
Twibereye mu muryango wa Yehova.
(IKIRARO)
Tuva mu moko yose, mu bihugu vyose.
Turahimbarwa ko turi umuryango.
4. Iman’isaba dufatane mu nda.
Tugize umuryango, yam’atwikundira.
Tuzobana ibihe bidahera,
Twese turi mu muryango wa Yehova—
Mu muryango wa Yehova
Umuryango,
Umuryango.