Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Wame ushikamye

Wame ushikamye

Voma:

  1. 1. Dawe mwiza, mbona hageze

    Ko nshikirwa n’ivyo Kristu yavuze.

    Nimba barampamye namwe nimuvyitege.

    Nta gitangaje nari ndavyiteze.

    Yehova ndagusavy’unkomeze.

    Ubuzima narabukweguriye.

    Ntuzibagira ivyo nakoze.

    Nzob’intadohoka naho hoz’iki.

    Iterabwoba ntirizobura

    Ariko ntirizonyeganyeza.

    Kubabazwa bampor’izina ryawe

    Mbona ko ar’agateka je natewe.

    (ICITABIRIZO)

    Nzoshikama sinzoheba.

    Nzoshikama sinzohesha namba.

    Nzokomera ku muheto,

    Nkwizigire, nkugumeko.

    Nzoshikama.

  2. 2. Ndakwizigira, kuko wankunze.

    Mu ngorane warahaserutse.

    Y’ab’ar’abatware cank’umuryango,

    Ntawuzotuma mbura wa muhango.

    (CHORUS)

    Nzoshikama sinzoheba.

    Nzoshikama sinzohesha namba.

    Nzokomera ku muheto,

    Nkwizigire, nkugumeko.

    Nzoshikama sinzoheba.

    Nzoshikama sinzohesha namba.

    Nzokomera ku muheto,

    Nkwizigire, nkugumeko.

    Nzoshikama.