Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

URURIRIMBO RWA 53

Kwitegurira kuja mu ndimiro

Kwitegurira kuja mu ndimiro

(Yeremiya 1:17)

  1. 1. Hakeye.

    Harageze

    Ko tuja mu ndimiro.

    Hanze n’umwiza,

    N’imvur’itayemwo.

    Twumv’umengo twokwigumira

    Muhira.

    (ICITABIRIZO)

    Wizigiye, ukitegura,

    Vyongey’ugasenga,

    Bizokunda nutihebura,

    Shir’ubwoba.

    Abamarayika b’Imana

    Baratuyobora.

    Turaronka n’uwo tujana.

    Tuzokora.

  2. 2. Akeza

    Kar’imbere

    Nitwavyihanganira.

    Kw’ako kigoro

    Yehov’akabona,

    Ntiwumva ko bihumuriza?

    Ni mwiza.

    (ICITABIRIZO)

    Wizigiye, ukitegura,

    Vyongey’ugasenga,

    Bizokunda nutihebura,

    Shir’ubwoba.

    Abamarayika b’Imana

    Baratuyobora.

    Turaronka n’uwo tujana.

    Tuzokora