URURIRIMBO RWA 82
‘Mureke umuco wanyu wake’
-
1. Yez’ati: ‘Turase
umuco wacu,’
Nka kurya kw’izuba
Wakir’abantu.
Kw’Ijambo ry’Imana
Rituyobora,
Tuwurase biciye
Ku vyo dukora.
-
2. Kwa kuri kw’Ubwami
Tukwerekane,
Kwats’umuco wakwo,
Kumenyekane.
Kuratuyobora;
Tukugumemwo.
Tukumenyeshe bose
Bihitiremwo.
-
3. Ibikorwa vyiza
Birashariza
Ijambo tuvuga
Rikaba ryiza.
Rer’umuco wacu
Nugume waka
Mu gukor’ibikorwa
Iman’ishaka.
(Raba kandi Zab. 119:130; Mat. 5:14, 15, 45; Kol. 4:6.)